Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Icigwa ca 3:Imfungurwa zikwiriye abana barwaye



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə6/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16

Icigwa ca 3:Imfungurwa zikwiriye abana barwaye


Abavyeyi bakwiye guhimiriza abana barwaye gufungura n’aho umwana yoba yumva ko adashonje biramufasha gukira n’ingoga.13

Kuririmba ukongera ugakinisha umwana kugira umuhimirize gufungura.

Kumuganiriza nk’uwumuhimiriza kandi umuraba mu maso.

Guha umwana ibifungurwa akunda kugira akunde gufungura.

Guha umwana imfungurwa zoroshe kandi ziseye vyorohera umwana kumira bikoroha n’uko umushishito ubisya.

Kugaburira umwana mu gihe n’abandi baba bariko barafungura guto nawe aca agira akayabagu.

Abavyeyi bokwongerako mu kugabura utwuzango n’amaberebere buri musi: 1) Igihe umwana arwaye kugira bimufashe gutora mitende 2) no mu mayinga abiri inyuma akwirikira mu gihe umwana aba yatoye mitende.

Abavyeyi bokwigisha abavukanyi bakuze canke abandi bantu bo mu muryango ingene bahimiriza umwana gufungura n’aho yoba adashonje.

Abavyeyi bokwizera yuko kudafasha umwana gufungura,ntumuhe ivyo kurya n’ivyo kunywa buri mwanya,bitera kurya nabi mbere bigakwega n’urupfu (biduza ubukazi bw’indwara).14



Ibikoresho:

  1. Ibitabu vyo kwandikamwo abitavye ibikorwa

41.Igicapo c’umuremeshakiyago

Incamake:

agakino:Ukunyonga amatagisi

Ukwitaba no gukiranura

Gusangira inkuru ugaca n’inyifato bikunda kujana: kwigisha abandi gufasha

Kwerekana amasanamu mugaca muganira ku vyerekeye ubutumwa nyamukuru buri ku gicapo kiri ku mpapuro za 22-26:Inzara no kurya nabi, uburyo bwo guhimiriza gufungura,ukongerako utwuzango n’amaberebere

Igikorwa: Ibikorwa vyiza na bibi

Gutohoza ku nzitizi zose zishoboka

Kubamenyesha inyishu zose zishoboka kuri izo nzitizi

Gukora no gukurikiranwa muri babiri

Gusaba icemezo

Gupima ivyemezo ku cigwa giheruka

game image 2.bmp

1. Agakino: kunyonga amatagisi - iminota 10


  1. Kugabura abagore mu mirwi mitomito kandi ukagira igitigiri kingana mu murwi wowe.Mwogora n’imiburiburi imirwi 3.

  1. Umurwi wose ukwiye gutora umudereva w’itagisi “yicara imbere”." Abandi bamere nk’aburira inyuma y’umudereva. "Umudereva" aranyonga aja imndani n’inyuma y’iyindi mirwi y’abantu.Abandi bari inyuma mu modoka bategerezwa kumukwirikira.

  2. Uwigisha arahamagara igiharuro gishasha. Abagore bagaca bakora amatagisi mashasha n’ico gitigiri c’abantu bari indani mu modoka. Abagore bamwe bashobora gufata imodoka nshasha. Mu gihe imodoka yuzuye n’igitigiri catanzwe n’umwigisha, umudereva aca anyonga n’ingoga akavaho. Abagore batari mu modoka bafise igiharuro co baca bava mu rukino.

  3. Umwigisha arabandanya guhamagara ibitigiri bishasha. Abagore baca bakora izindi tagisi n’ico giharuro. Abadashoboye kwinjira mw’itagisi (canke mu gihe itagisi idafise inomero yo) itegerezwa kurindirira ku ruhande rw’ibarabara kugeza aho iyindi nomero ihamagarwa.

  4. Abadashobora kwinjira mw’itagisi .

  5. Kubandanya gushiramwo ibindi bitigiri kugeza aho umwe wese atwenga.

Ubu dufise utuguvu,reka dutangure inama y’uno musi.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umu Mère Leader wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (Module 1).

42.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

43.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

44.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

45.Kwigisha abandi gufasha (Isanamu 3.1) – iminota 10


3. Inkuru

Soma iyi nkuru iri ku rupapuro rwa 20 rwo ku gicapo.

Karorero na Biguvu bompi bararwaye.Mu gihe Karorero ariko araruhuka, inabukwe ariko aragaburira Biguvu. Inabukwe agsigurira abuzukuru biwe, “narabonye umwana yataye ibiro kubera indwara ntoyi aruhira gupfa. Kugira ufashe musazawe ngo akire agire amagara meza,dutegerezwa kumuhimiriza gufungura. Nzoguma ndamureze,umwuzukuru wiwe w’umukobwa avuga.” Inakuru wa Biguvu aramugaburira yongera amuririmbira uturirimbo turyoshe. Bari hamwe,barajijura Biguvu gufungura ibiri kw’isahani vyose.

4. Gutohoza

Soma ibibazo biri ku rupapuro rwa 20 ku gicapo.

Baza ikibazo ca 1 kugira usubiremwo inkuru:

Twipfuza iinyishu z’abitavye muri ubu buryo: Ariko arafasha Biguvu gufungura n’aho adashonje. Umukobwa akiri muto aramureze inakuru nawe ariko aramuririmbira.

Kubaza ikibazo ca kabiri ku ciyumviro c’abagore kuvyo bakora mu kugaburira umwana no mu gihe adashonje.15

Iki ni igikorwa ciza cane. Bizofasha Biguvu kuronka inguvu,gukira n’ingoga no kugira amagara meza.

Kubaza ikibazo ca nyuma kugira wumve ingene abavyeyi bakunda kwishura iyo abana babo batakigira akayabagu.

Twipfuza ko twobaha imfungurwa bakunda, zoroshe n’ivyo kunywa kugira tubahimirize gufungura n’aho boba badashonje.



Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

Inabukwe wa Karorero ariko akora iki kugira afashe Biguvu gutora mitende?

Iyo ni impanuro nziza? Kubera iki?

Ukora iki iyo umwana wawe atagisonza?




Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©www.azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin