Ubutumire uniib iratumiye abantu, imigwi y'abantu canke amashirahamwe bose bipfuza gushikiriza inkuru hamwe/canke ivyandiko bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ayandi mabi yose vyakozwe I Burundi guhera mu kwezi kwa Ndamukiza



Yüklə 7,9 Kb.
tarix27.11.2016
ölçüsü7,9 Kb.
#260


Ubutumire

UNIIB iratumiye abantu, imigwi y'abantu canke amashirahamwe bose bipfuza gushikiriza inkuru hamwe/canke ivyandiko bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu hamwe n'ayandi mabi yose vyakozwe i Burundi guhera mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.


Umunsi ntarengwa wo gushikiriza izo nkuru ni igenekerezo rya 25 Ruheshi 2016.
Inkuru yose ishikirizwa ibwirizwa kuba irimwo indondoro y'uko umuntu yotora uwa/abagirizwa icaha. Imigwi canke abantu bose bashikiriza izo nkuru babwirizwa kumenyesha neza nimba iyo nkuru - canke igice c'ayo - itegerezwa gukoreshwa mw'ibanga. UNIIB izokora uko ishoboye kwose kugira ibiranga abakorewe ivyaha, abakoze ivyaha hamwe/canke n'abandi bose batanzwe amazina muri iyo nkuru bigumizwe mw'ibanga.
UNIIB ishobora kwakira inkuru mu Gifaransa, Icongereza, Ikirundi canke Igishwahili.


Ibiro vy'umunyabanga n'aho bibarizwa


Ukaba ufise ikibazo kijanye na UNIIB canke inkuru wibaza ko yoba ijanye n'ivyo ijejwe, niwandikire:
Urubuga ngurukana-bumenyi: http://www.ohchr.org/EN/HRBodies/HRC/UNIIB/Pages/UNIIB.aspx
Agasandugu ngurukana-bumenyi: uniib@ohchr.org
Iterefoni: +257 79114926 / 79139506
WhatApps: +257 72335639 / 72336638
canke

Icicaro:


Ubutohozacaha bwigenga bw'Ishirahamwe Mpuzamakungu ku Burundi
OHCHR
Ibiro vy'Ishirahamwe Mpuzamakungu i Jeneva
CH-1211 Jeneva
Mu bu Swisi


Yüklə 7,9 Kb.

Dostları ilə paylaş:




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©www.azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin