Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Icigwa ca 1: Umwumira n’impanuka zawo



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə2/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16

Icigwa ca 1: Umwumira n’impanuka zawo


Abagiraneza babwirizwa kumenya ibituma bitatu vy’indwara zituma hatakara amazi nk’ugucibwamwo,ukudahwa n’inyonko.

Iyo caregivers babonye umwana wabo ata amazi menshi kubera indwara,bakwiye guha umwana wabo ivyo kunywa kugira basubirize amazi yatakaye.

Caregiversbaca batwara umwana n’ingoga kwa muganga iyo babonye ibimenyetso bifadika vy’umwumira:

Umubiri iyo ukwedutse usubira kumera uko wahora bukebuke

Amaso araba nk’ayarushe

Mu ruhanga ku bana hararengerwa (Uduhere turemvye mu ruhanga)

Uguhemagirika Fast, deep breathing

Kutagononokerwa,kwisinzirirako canke gusambagirika

Caregivers will believe that when a child loses too much water it can quickly result in dehydration, malnutrition and death (increased perceived severity).3



Ibikorseho:

  1. Igitabu co kwandikamwo abitavye igikorwa

1.Igicapo c’umuremeshakiyago

2.Akamwanya*

3.Igikombe n’ibesani vy’amazi*

Incamake:

Agakino: abantu ku bandi

Ugutonda no gukiranura

Erekana agakino muce muce mubaza ibikorwa vyihutirwa:Igihe Mvuyekure yahakwa gupfa

Erekana amasanamu muca muganira ku vyerekeye ubutumwa buri ku gicapo ku mpapuro kuva kurwa 6-11: umwumira n’ugutakaza amzi,Gutakaza amazi birica be n’impanuka ziterwa n’umwumira.

Igikorwa:Ukwerekana ivyo gukama amazi

Ugutohoza ku nzitizi zose zishoboka

Kubamenyesha ku nyishu zose zishoboka kuri izo nzitizi

Ugushira mu ngiro no kufasha muri babiri

Gusabaicemezo

Gupima ivyemezo wisunze icigwa giheruka

game image 2.bmp

1. Agakino: Abantu ku bandi- iminota 10


  1. Saba umugore wese gutora mugenziwe kandi ace ahagarara inyuma yiwe.

4.Sigura ko umuyobozi azosaba ibikorwa vyakozwe kandi uwo murwi w’abantu babiri utegerezwa gukora kuri ivyo bihimba bibiri vy’umubiri rimwe.

5.Nk’akarorero, mu gihe umurongozi, “umugongo ku mugongo”Umuntu na mugenziwe baca bahagarara begamiranye. Umurongozi avuze ati, “Ifyinga kw’ifyinga”Umwe wese na mugenziwe baca bahagararana amfyinga akoranyeko. Mu gihe abarongozi bavuze ngo , “amavi ku yandi, umuntu wese abwirizwa guhagarara afatinije amavi na mugenziwe. Ariko,mu gihe abarongozi bavuze ngo,“abantu ku bandi,” umwe wese aca arondera mugenziwe mushasha.

6.Gutanga amategeko menshi ukoresheje ibihimba vy’umubiri.

7.Bandanya utanga amategeko mashasha ukoresheje ibihimba vy’umubiri kugeza aho abagore batangura gutwenga no kujajura.

Ubu twumva dufise inguvu ,reka dutangure icigwa cacu.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umu Mère Leader wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (Module 1).

8.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

9.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

10.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

11.Inkuru: Umusi Mvuyekure yahakwa gupfa (isanamu 1.1) – iminota10


3. Inkuru

Soma iyo nkuru iri ku rupapuro rwa 4 rwo ku gicapo.

Ubu ni igihe co kwimbura. Barumwete yasigaranye Mvuyekure umukobwa akiri muto babana ku muryango ukwirikira. “Ndagusavye undabire Mvuyekure gushika ku mugoroba. Asanzwe aracibwamwo ariko ndibaza ko biza guhera vuba.” Barumweteagaritse,ntiyabaye acibuka umwana wiwe! “Mbega Mvuyekure yashikiwe n’ibiki?” arabaza. “Yiriwe aracibwamwo umusi wose,”Wa mukobwa arishura. “Yanse gufungura nca ndamurindira ko atora mitende.” “Oh Mvuyekure,” Barumwete aravuga,Urakankabiranye kandi urumye nk’umuntu ashaje!Ntegerezwa kuronka uwumfasha ubu nyene!”

4. Gutohoza

Soma ibibazo biri ku rupapuro rwa 4 ruri ku gicapo.



  • Baza ikibazo ca mbere kugira wumve ivyipfuzo vy’abakenyezi ku vyerekeye ku vyashikiye umwana.

    1. Twizeye ko abagore bishura uku:umwana yataye amazi menshi kubera gucibwamwo .umwana yagize umwumira.

    2. Uyo mukobwa ntiyamugaburiye canke ngo amuhe amazi umusi wose.

Kubaza ikibazo ca nyuma ku vyerekeye ugukara kw’indwara. Kwegeranya ivyipfuzo vy’abakenyezi ku vyerekeye ugucibwamwo n’umwumira.

    1. Ego, Mvuyekure ubu ararwaye cane. Umubiri wiwe wataye amzi menshi cane. Atavuwe n’ingoga,arashobora gupfa.

    2. Abana bato barihitanwa cane no gucibwamwo no kudahwa mu gihe ata vyo kunywa bitanzwe kugira basubirize amazi yakamye.

Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’ubutumwa buri kuri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

Mvuyekure yashikiwe n’ibiki? Kubera iki?

Mwibaza ko iyi ndwara ikaze rwose canke ko umwana ashobora gukira n’ingoga? Kubera iki bishoboka canke bidashoboka?





Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©www.azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin